Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 14:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Umwe mu bari ngaho ahejeje kwumva ayo majambo, aca abarira Yesu ati: “Harahiriwe uwuzofungura ku mazimano yo mu Bwami bw’Imana.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Maz’ umwe mu bicaranye na we avyumvise, aramubgira, ati Hahirwa ūzorīra mu bgami bg’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 14:15
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.


Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru;


Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.


Abantu bazova mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bahabwe ivyicaro mu mazimano mu Bwami bw’Imana.


Kuko ndabamenyesheje ko ntazosubira kurya iyindi, kugeza insiguro yayo ishikijwe mu Bwami bw’Imana.”


kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ