Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Bumeze nk’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe, karakura gahinduka igiti, maze inyoni zo mu kirere ziraza zarika mu mashami yaco.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:19
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [


Yesu yongera kuvuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana twobugereranya n’iki? Twokoresha uwuhe mugani mu kubusigura?


Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose.


Ariko benshi mu bumvise ubutumwa barizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.


Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ