Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Hār’ umugore yinjiwemwo n’impwemu itera ubumuga, yar’ amaze imyaka cumi n’umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:11
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Yesu abaza se wa wa mwana ati: “Ibi vyatanguye kumushikira ryari?” Na we arishura ati: “Kuva akiri umwana muto cane.


Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: “Mupfasoni, ingwara yawe irakize.”


Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?”


Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, mushire ubwoba, ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje.”


hamwe n’abagore bakize impwemu mbi n’izindi ngwara, ari bo Mariya Magadalena yirukanywemwo abadayimoni indwi,


Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara citwa Gerasa. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye.


Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, vyaranse ko akira.


Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.


Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ