Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:48 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

48 Ariko uwutazi ivyo shebuja agomba, hanyuma agakora ibitari vyo, azohanwa buhoro. Uwahawe vyinshi azosabwa vyinshi, kandi ujwejwe vyinshi azobazwa vyinshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Arik’ ūtar’ abizi, agakora ibikwiye kumukubitisha, azokubitwa nkeya. Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabīkijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:48
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwa bike azokwakwa n’ivyo yari afise.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Munyaga abapfakazi utwabo, hanyuma mukagira amasengesho maremare kugira ngo mwiyerekane. Ni co gituma muzobona ibara ku musi w’imanza.]


Petero aramubaza ati: “Mwami, uwu mugani uwuciriye twebwe gusa, canke uwuciriye bose?”


Naje kwatsa umuriro kw’isi; ese iyo uba umaze kwaka!


Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’


Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.


Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


ziri mu Butumwa Bwiza bw’ubwiza bw’Imana ishemagizwa, ubwo najejwe.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago n’impari vy’abiyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera.


hanyuma igihe cayo kigeze ihishura ijambo ryayo biciye mu kuvuga Ubutumwa Bwiza nizigijwe n’icagezwe c’Imana, yo Mukiza wacu,


Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ