Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababgire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:37
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.


mumere nk’abanyarugo barindiriye ko shebuja ava mu bukwe kugira ngo bace bamwugururira niyashika akadodora.


Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.


Mbega ntaca avuga ati: ‘Ntegurira imfungurwa, hanyuma wambare neza ungaburire, ninaheza gufungura na we uraheza ufungure’?


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


Mbega hagati y’uwuri ku meza afungura n’umukozi amutegurira imfungurwa ni nde mukuru? Mbega si uwicaye ku meza? Ariko jewe ndi hano muri mwebwe nk’uwubakorera.


Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.


Ivyanditswe bivuga biti: “Ivyo amaso atigeze abona, ivyo amatwi atigeze yumva, n’ivyo ubwenge butigeze bwiyumvira, ni vyo Imana yateguriye abayikunda.”


Kuko kuri jewe, ubuzima ni Kristo, gupfa na kwo ni inyungu.


Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe,


kandi muzohabwa ikaze ikomeye cane mu bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.


Nuko rero, bakundwa, ko murorereye ivyo, mugire umwete wo kuzosangwa mutagira umugayo, canke agasembwa imbere y’Imana mufitaniye amahoro na yo.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ