23 Ubuzima buraruta cane ivyokurya, kandi umubiri uraruta cane ivyambarwa.
23 Kukw amagara aruta ivyo kurya, n’umubiri uruta ivyambarwa.
Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyokurya mukeneye kugira ngo mubeho; canke ivyo kwambara imibiri ikeneye.
Nimwitegereze ibikona: ntibibiba kandi ntivyimbura, ntibigira n’ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira. None mwebwe ntimuruta cane inyoni?
Bamaze kurya bagahaga, baca bata ingano mu kiyaga kigira ngo baremurure ubwato.