Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Hanyuma mpeze mbwire umutima wanje nti: “Mutima wanje, icara uruhuke, urye, unywe, unezerererwe ubuzima, kuko ufise ibizogutunga imyaka myinshi.” ’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:19
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aca yigira inama ati: ‘Reka ndabigenze gutya: ndasambura ibigega vyanje hanyuma nubake ibibiruta. Aho ni ho noronka aho mbika ingano zanje n’ubundi butunzi.


Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


Nimba naragwanye n’ibikoko vyo mw’ishamba muri Efeso, ata yindi nyungu niteze atari ivyizigiro vyo mu mubiri gusa, nzoba nungutse iki? Kandi nimba ata kuzuka kuriho, nk’uko wa mugani uvuga: “Reka twirire twongere twinywere, kuko ejo tuzopfa.”


Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.


Ariko umupfakazi abayeho yinezereza gusa aba yarapfuye naho yoba ari muzima.


Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


Bazoba abahemu, batazi kugenza buhoro, buzuye ukwishira hejuru, bakunda ibibanezereza bakabirutisha Imana.


Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa.


Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.


Cishize hejuru, cibera mu bikayangana; none nimucishure imibabaro n’ivyago. Cirata mu mutima kiti: ‘Nganje nk’umwamikazi; sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera ngandara.’


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ