Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Aca yigira inama ati: ‘Reka ndabigenze gutya: ndasambura ibigega vyanje hanyuma nubake ibibiruta. Aho ni ho noronka aho mbika ingano zanje n’ubundi butunzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini‐binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:18
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane?


Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’


Hanyuma mpeze mbwire umutima wanje nti: “Mutima wanje, icara uruhuke, urye, unywe, unezerererwe ubuzima, kuko ufise ibizogutunga imyaka myinshi.” ’


Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana.”


Nimwitegereze ibikona: ntibibiba kandi ntivyimbura, ntibigira n’ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira. None mwebwe ntimuruta cane inyoni?


Uwo mucamanza amara igihe atamwumviriza. Ariko arateba aribwira ati: ‘Ni vyo, nsintinya Imana kandi sinsonera n’abantu,


Umwami Yesu yongerako ati: “Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze.


“Ubwenge” nk’ubwo ntibwururuka buva mw’ijuru ariko ni ubw’isi, si ubw’impwemu, ni ubwa wa mubi.


Umvirize, mwebwe muvuga muti: “Uyu musi canke ejo tuzoja mu gisagara kanaka, tuzomarayo umwaka, tudandaze twironkere inyungu.”


Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: “Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ