12 Mpwemu Yera azobaha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene.”
12 Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga.
Nibabafata, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga n’uburyo muzobivuga. Ako kanya nyene, muzohabwa ivyo mukwiye kuvuga,
kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.
Umwe mu bari ngaho abwira Yesu ati: “Mwigisha, mbwirira uwo tuvukana yemere tugabure ivyo twarazwe.”
kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.
Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aravuga ati: “Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko,
Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.
Ariko Sitefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza b’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana.