Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 11:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ni co gituma nanje ndababwiye nti: ‘Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nanje ndababgire: Musabe muzohabga; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 11:9
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”


Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.


Ariko ndababwiye ko na Salomo ubwiwe, mu cubahiro ciwe cose, atigeze ashaza nka rimwe muri yo.


Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.


Ibi ndabibwiye mwebwe, ndabibwira n’abandi bose: ‘Nimube maso!’ ”


Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.


Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana.


Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.


Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.


Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Kuko Imana ivuga iti: “Igihe gikwiye kigeze narakwumvise, no ku musi wo gukirizwako naragutabaye.” Ndababwiye ko iki ari co gihe co kwemererwamwo, uwu ni wo musi wo gukirizwako.


Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.


Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.


Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.


Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa.


Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.


Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira mutifatanije n’izo nyigisho mbi, kandi mutakurikiye ivyo abantu bise amabanga akomeye ya Satani, ‘Nta wundi mutwaro ndabikoreza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ