Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 11:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 11:41
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aboro muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.


Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, kandi uwugomba ko umugurana ntumwirengagize.


Kuko ntibija mu mutima wiwe, ahubwo bija mu nda yiwe, hanyuma bigasohoka.” (Mu kuvuga ibi, Yesu yariko yerekana ko ata vyokurya bihumanya.)


Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”


Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.”


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Kuko iyo umuntu afise umutima wo gutanga, Imana ntiyakira ico adafise, ahubwo yakira ico afise.


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye.


Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ