Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 11:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Vyongeye, umubiri wawe wose niwaba mu muco, ata rugingo na rumwe ruri mu mwijima, uzokayangana nk’aho urasiwe n’umuco w’itara.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Kand’ umubiri wawe wose ni waba uri n’umuco, ata gice na kimwe gifise umwiza, wose uzoba uri n’umuco, nk’uk’ ukwaka kw’itara kukuboneshereza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 11:36
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose.


None rero wiyubare umuco wibaza ko uri muri wewe ntusange ari umwijima.


Yesu akiriko aravuga, umwe mu Bafarisayo aramutumira ngo bajane iwe amuzimane. Nuko ashitse, aja ku meza.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Ariko ivyokurya bikomeye ni ivy’abakuze, kuko kubera ivyo baciyemwo bashitse aho batandukanya ikibi n’iciza.


Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ