Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 11:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Abantu bamaze kumwegera ari benshi, Yesu ababwira ati: “Abantu ba kino gihe ni babi. Basaba ikimenyetso, ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa kiretse ica Yona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ishengero rikoraniye kuri we, atangura kubabgira, at’ Iki gihe n’igihe kibi; kirondera ikimenyetso, ariko nta kimenyetso kizohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 11:29
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?


Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”


Abandi na bo bagerageza gutega imitego Yesu mu kumusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru.


None rero, abantu b’iki gihe muzoharurwako amaraso y’abavugishwa n’Imana bose yasheshwe kuva isi ikiremwa,


Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.


Yesu aravuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano.”


Abayuda baramubaza bati: “Ni ikihe gitangaza wokora cotwereka ububasha ufise bwo gukora ibi?”


Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora?


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Abayuda bashaka kubona ibimenyetso, Abagiriki na bo bakarondera kubitahurisha ubwenge bwabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ