Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:42
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega vyomarira iki umuntu kugira ubutunzi bw’isi yose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?


Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe.


Umusi umwe Yesu yari ahantu ariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: “Mwami, twigishe gusenga nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.”


Ariko Imana iramubarira iti: ‘Wa gipfu we, iri joro nyene ubuzima bwawe urabwakwa. None ivyo waruhiye bizoba ivya nde?’


Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu ariko arahozwa, na we uri mu mibabaro.


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”


Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo.


Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo.


Maze Mariya afata icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada, ayasuka ku birenge vya Yesu, aca abihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose yuzura ugutamirana kw’ayo mavuta.


Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.


ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ