Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Ariko Marita we yari yatwawe n’ibikorwa vyinshi vyo gutegura inzimano. Nuko abaza Yesu ati: “Mwami, mbega nta co bikubwiye kubona mwene mama yantanye ibikorwa? Mubwire aze amfashe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Ariko Marita ahagarikira umutima kuzimana vyinshi; aramwēgēra, aramubgira, ati Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa? Nuko mubarire amfashe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:40
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari bamubwira bati: “Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu bagende mu mihana bigurire ivyo barya.”


Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ati: “Mwami, ntibikabe! Ivyo ntibikakubeko!”


Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bivuga bati: “Yasaze.”


Nuko Yesu n’abigishwa biwe babandanije urugendo, bashika mu mihana, ahaba umugore yitwa Marita, na we abaha ikaze iwe.


Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.


Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo.


Yesu aca arahindukira, arabakankamira [ati: “Ntimuzi impwemu ibakoresha iyo ari yo! Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no guhonya abantu, ahubwo yazanywe no kubakiza.”]


Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo.


Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro.


Nuko bategurira amazimano Yesu, kandi Marita ni we yazimana, Lazaro na we akaba umwe mu basangira na Yesu.


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ