Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Uwo yar’ afise mwene nyina yitwa Mariya, yicara imbere y’ibirenge vy’Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:39
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”


Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.


Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yakize abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba.


Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo.


Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo.


Maze Mariya afata icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada, ayasuka ku birenge vya Yesu, aca abihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose yuzura ugutamirana kw’ayo mavuta.


“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ