Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:25
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu afashe urugendo rwiwe aja i Yerusalemu, haza umuntu yiruka aja iyo ari, apfukama imbere yiwe, aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”


Arabishura ati: “Mbega ivyagezwe vya Mose bitegeka iki?”


Umwe mu bigisha b’ivyagezwe yari ahagaze ngaho yumviriza ingene bavugana; yumvise ko Yesu yishuye neza abasadukayo, aramubaza ati: “Ni irihe bwirizwa riruta ayandi yose?”


Kuko ndababwira ko abavugishwa n’Imana n’abami benshi bipfuje kubona ivyo muriko murabona ntibabibona, bipfuza no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.”


Yesu aramwishura ati: “Ivyagezwe vya Mose bivuga iki? Ubitahura gute?”


Umutware umwe aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.)


Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.


Kuko nimba ugutorana kuva ku vyagezwe, ntikuba kukiva kw’isezerano. Ariko Imana mu buntu bwayo, yahaye Aburahamu ugutorana, ibimuhereye mw’isezerano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ