Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero wa Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahanga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:21
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Babaza Yesu bati: “Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?” Na we arabishura ati: “Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Mu kanwa k’abana bato n’inzoya, wahironkeye amashimwe’?”


Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Kandi ayitoye yoyiterera ku rutugu anezerewe.


Kandi agitoye yohamagara ababanyi n’abagenzi bose, akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye igiceri canje c’ifeza cari catakaye.’


Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga.


Kandi nimba Ubutumwa Bwiza tuvuga budatahuritse, ni ku bariko baraja mu mahonero bonyene.


Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri.


yari yaramaze gufata ingingo yo kutugira abana bayo biciye kuri Yesu Kristo. Ibi ni vyo yashaka kandi vyarayinezereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ