Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 ‘N’umukungugu wo mu gisagara canyu uri ku birenge vyacu turawukunkumuye kugira ngo bibabere icagiriji, ariko mumenye neza ko Ubwami bw’Imana bubegereye.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:11
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aho bazokwanka kubakira no kwumviriza amajambo muvuga, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, maze muve muri iyo nzu canke muri ico gisagara.


Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’


avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”


Ariko nimwinjira mu gisagara ntibabakire, muzoje mu mayira yaho, muvuge muti:


Mukize abarwaye, mwongere mubabwire muti ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’


Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.”


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Mwiyubare rero kugira ngo ivyo abavugishwa bavuze ntibibashikeko, aho bavuga ngo:


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Pawulo na Barunaba na bo bakunkumura umukungugu wo mu birenge vyabo, baca baja muri Ikoniyo.


Ariko ku vyerekeye Isirayeli, Imana yaravuze iti: “Umusi wose niriwe nshanje amaboko, ndayategeye ubwoko butumvira kandi bw’intagondwa.”


Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ijambo riri hafi yawe; mbere riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe.” Iryo jambo ni bwo Butumwa bwo kwizera tuvuga.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ