Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:76 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

76 Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

76 Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:76
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko kuri bo Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.


Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Uwo Yohana ni we yari yaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, igihe yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’”


Kandi ntitwovuga tuti: ‘Wavuye ku bantu.’ ” (Kuko baratinya isinzi ry’abantu bari aho, kuko abantu bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.)


Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi,


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.


Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’”


Uwo ni we aza inyuma yanje, ariko ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.”


Mwebwe ubwanyu muri ivyabona ko navuze nti: ‘Jewe sindi Kristo, ahubwo natumwe kumutegurira inzira.’


Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ