Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”
Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”