57 Igihe ciwe co kwibaruka kigeze, Elizabeti yibaruka umwana w’umuhungu.
57 Igihe co kuvyara kwa Elisabeti kirashika, avyara umuhungu.
Ariko wa mumarayika aramubarira ati: “Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana.
Igihe Herode yari umwami w’i Yudaya, hari umuherezi yitwa Zakariya wo mu mugwi w’abaherezi bitirirwa Abiya. Umugore wiwe yitwa Elizabeti, na we akaba yakomoka mu muryango wa Aroni.
Nuko Mariya amarana na Elizabeti amezi nk’atatu, araheza arataha.
Incuti n’ababanyi bumvise ko Umwami Imana yamugiriye ubuntu, banezeranwa na we.