53 Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.
53 Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.
Harahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kuko bazohazwa.
Yatabaye umusavyi wayo Isirayeli, yibuka kugirira imbabazi
Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.
Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka indemesho yanyu.
Yesu arabishura ati: “Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.
Bene Data, mwibuke uko mwari igihe mwahamagarwa. Benshi muri mwebwe ntimwari abanyabwenge dufatiye ku vyo abantu baraba. Benshi ntimwari abahambaye, kandi benshi ntimuvuka mu miryango ikomeye.
Mwibaza ko mukwije vyose! Mwibaza ko mumaze gutunga! Muramaze no kuba abami tutari kumwe! Icompa mukaba abami vy’ukuri kugira ngo tuganzanye namwe.