49 kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye, izina ryayo ni iryera.
49 Kukw Iy’ ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kand’ izina ryayo n’iryera.
Nuko Yesu arabemerera. Izo mpwemu mbi ziva muri wa muntu zinjira muri za ngurube. Izo ngurube zashika nk’ibihumbi bibiri. Nuko ziva kuri wa musozi ziruka zimanuka mu kiyaga zicwa n’amazi.
kuko yibutse umusavyikazi wayo muto. Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,
Igirira imbabazi abayubaha, uko uruganwe rukurikirana n’urundi.
Nuko rero iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba canke twiyumvira, nk’uko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri,
Ni nde atazogutinya ga Mwami, ngo aheshe icubahiro izina ryawe? Ni wewe wenyene wera. Amahanga yose azoza, apfukame imbere yawe agusenge, kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”
Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”