Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Kuva ubu, ugiye kuba ikiragi, ntuzosubira kuvuga kugeza uwo mwana avutse, kuko utizeye ivyo nakubwiye. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:20
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.


Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”


Wa mumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, kandi nama mpagaze imbere y’Imana. Ni yo yandungitse kukubwira iyi nkuru nziza.


Mu gihe ivyo vyariko biraba, abantu bari hanze, bagumye barindiriye Zakariya bibaza igituma yatevye mu rusengero umwanya munini.


Ariko asohotse, ntiyashobora kuvugana na bo. Abantu baca batahura ko hari ivyo yerekewe mu rusengero, kuko yabavugisha akoresheje ibimenyetso vy’amaboko, ntavuge.


Urahiriwe kuko wizeye ko ivyo Umwami Imana yavuze bizoshika.”


Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi ruragoboroka, aca atangura kuvuga ahimbaza Imana.


Ni ivy’ukuri ko bamwe muri bo batabaye abizigirwa. None ukutizigirwa kwabo kurakuraho ubwizigirwa bw’Imana?


Naho tutoba abizigirwa, we aguma ari umwizigirwa, kuko ntashobora kwivuguruza.”


ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,


Imana yatanze isezerano n’indahiro. Ibi bintu uko ari bibiri ntibishobora guhinduka kuko Imana idashobora kubesha. Ku bw’ivyo, twebwe abayihungiyeko, ivyo bidutera intege cane bigatuma twumira ku vyizigiro yadushize imbere.


Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ