Luka 1:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe17 Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)17 Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.