Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:17
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nimba mushaka kwemera ivyo ndiko ndavuga, ni we Eliya abavugishwa bari baravuze ko azoza.


Yohana yama abwira Herode ati: “Ntivyemewe ko urongora uwo mugore.”


Uwo Yohana ni we yari yaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, igihe yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’”


Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.


Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo.


Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.


Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.


Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


Mwebwe ubwanyu muri ivyabona ko navuze nti: ‘Jewe sindi Kristo, ahubwo natumwe kumutegurira inzira.’


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


Ivyo ibikora kugira ngo ubutunzi bw’ubwiza bwayo burushirize gukayanganira abo yerekanirako imbabazi zayo, bateguriwe ubwo bwiza kuva kera.


mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane mu bwami bw’umuco.


Umuntu niyiyeza, azoba igikoresho c’icubahiro, cejejwe, kigirira akamaro nyene co, kandi giteguruwe gukora igikora ciza cose.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ