Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 9:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 9:40
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.


Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka.


Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: “Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wigere umugarukamwo.”


Aca yigira kure gato nk’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama arasenga ati:


Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: “Mwana wanje, vyuka!”


Ahejeje kuvuga ivyo, aca apfukama hamwe na bo barasenga.


Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga.


Se wa Pubiliyo yari arwaye inyonko n’amacinya, arembeye ku buriri. Nuko Pawulo yinjira aho ari aramusengera amurambitseko ibiganza, aca arakira.


Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ