Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 9:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 9:36
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.


Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!


Iyo mwamye ivyamwa vyinshi, muba mwerekanye ko muri abigishwa banje kandi ivyo bihesha Data icubahiro.


Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho. Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa.


ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vy’imbabazi.


Nuko ababwira ivyabaye vyose aca abatuma i Yopa.


na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.


“Nari i Yopa ndiko ndasenga, hanyuma mera nk’uwutwawe n’agatiro, nca ntangura kwerekwa. Mbona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururuka kiva mw’ijuru gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine, gishika aho nari ndi.


Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.”


Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu.


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.


Kandi ni ko biri, urwo rukundo mwararwerekanye kuri bene Data bose b’i Makedoniya. Bene Data, turabinginga, ngo murushirizeho kwerekana urukundo nk’urwo.


kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.


abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.


Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ