Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 9:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 9:27
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inkuru zabo zishikira ishengero ry’i Yerusalemu, maze barungika Baranaba muri Antiyokiya.


Inyuma y’aho Barunanaba aca aja i Taruso kurondera Sawuli.


Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


None rero Mwami Imana, nurabe ingene badutera ubwoba, maze ushoboze abasavyi bawe kwigisha ijambo ryawe bashize amanga.


Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Yama avugana yongera aharira n’Abayuda bavuga Ikigiriki, ariko bo bakama barondera ingene bomwica.


Ubwa nyuma aranyiyereka nanje, nk’uwavutse mu gihe kitari co.


Canke ni jewe na Baranaba dutegerezwa gukora twenyene kugira ngo twitunge?


Abandi Bayuda baciye bifatanya na we muri ubwo buryarya, ndetse na Baranaba ubwiwe atwarwa na bwo.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ