Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 9:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 9:17
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abavyeyi bamwe bazanye abana babo ngo Yesu abarambikeko ibiganza abasengere. Ariko abigishwa barabakankamira ngo ntibamugore.


aramwinginga ati: “Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima.”


Nta gitangaza yahakoreye kiretse abantu bake yarambitseko ibiganza, arabasengera, barakira.


Na we yumvise indamukanyo ya Mariya, umwana yari mu nda yiwe ariginagura. Elizabeti aca yuzuzwa Mpwemu Yera,


Se Zakariya, yuzuye Mpwemu Yera, atangura kuvugishwa ati:


Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.


Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryose mu bamaraya, aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!’


Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.


Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga Inkuru Nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose.


Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.


Kandi abigishwa bo muri Antiyokiya bari bafise umunezero mwishi, buzuye Mpwemu Yera.


Pawulo abarambitseko ibiganza, Mpwemu Yera aca abazako, batangura kuvuga izindi ndimi no kuvugishwa n’Imana.


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose.


Nanje nca ndamubaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’ Na we ati: ‘Ndi Yesu uwo uriko urahama.


Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.


Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.


Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera.


Ubwo nyene, ibintu bimeze nk’ibikaragashi biva ku maso ya Sawuli, arahumuka. Aca ava hasi arabatizwa.


Nk’uko Kristo yabakiriye, namwe abe ari ko mwakirana kugira ngo biheshe Imana icubahiro.


Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru.


Ubwa nyuma aranyiyereka nanje, nk’uwavutse mu gihe kitari co.


Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?


Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe n’ijambo ryakuvugishijweko, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’ishengero.


Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.


Ni co gituma ndakwibutsa kwongera kwatsa ingabire Imana yaguhaye igihe nakurambikako ibiganza.


atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu.


inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.


Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ