Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 9:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 I Damasiko hari umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu amwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: “Ananiya!” Na we arishura ati: “Sabwe Mwami!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 I Damasiko hār’ umwigishwa yitwa Ananiya: Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, ati Ananiya. Na we ati Sabge, Mwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 9:10
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”


“Nari i Yopa ndiko ndasenga, hanyuma mera nk’uwutwawe n’agatiro, nca ntangura kwerekwa. Mbona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururuka kiva mw’ijuru gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine, gishika aho nari ndi.


Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa.


Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.


Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”


Umusi umwe hari mw’ijoro, Umwami Imana abarira Pawulo mu ndoto ati: “Ntutinye! Bandanya uvuga, ntucereze,


‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi.


Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.


Kandi mu nzozi, yabonye umuntu yitwa Ananiya aza kumurambikako ibiganza kugira ngo ahumuke.”


ahamara imisi itatu atabona, ata co arya kandi ata co anywa.


Igihe nari i Damasiko, uwatwarira umwami Areta yashize abarinzi kw’irembo ry’igisagara ca Damaseni kugira ngo bamfate.


kandi sinabanje kuduga i Yerusalemu kubaza ababanje kuba intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya, mu nyuma ngaruka i Damasiko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ