Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 8:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Hari umugabo yitwa Simoni yari amaze igihe ari umunyamareba muri ico gisagara, agatangaza ab’i Samariya bose,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kandi hāriy’ umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivy’ amarēba mur’ico gisagara, akūmiza ubgoko bg’Abasamariya, akīyita agakomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 8:9
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Nuko bagendagenda iryo zinga ryose gushika bashitse i Pafo. Aho bahahuriye n’Umuyuda w’umunyamareba yigira umuvugishwa, yitwa Bari Yesu,


Ariko wa munyamareba Eluma (izina ryiwe ni ko risobanurwa mu Kigiriki), arabahaririza agomba guhuvya ukwizera kwa ca cariho ca Kayisari.


Mu misi iheze, uwitwa Teyuda yaje yigira uwuhambaye, abantu bashika amajana ane baramukurikira. Amaze kwicwa, abamukurikira bose baca barasanzara, ntibagira ico bashikako.


Bakunda kumwumviriza kuko yari amaze igihe abatangaza n’amareba yiwe.


Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.


Abantu bazokwikunda, bakunde amahera, birate ivyabo, buzure ubwishime. Bazotuka Imana bongere bagararize abavyeyi babo, babe intashima, ntibubahe ivyejejwe.


Bigira abagororotsi ariko bihakanye ububasha bwobahaye ukugororoka. Uze witandukanye n’abantu nk’abo.


Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma.


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ