Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 8:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Filipo ateranura akanwa, atangurira kur’ ivyo vyanditswe, amubgira ubutumwa bgiza bga Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 8:35
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Nuko rero Petero aherako aravuga ati: “Ubu rero ni ho nkimenya vy’ukuri ko Imana idatoranya abantu ku butoni,


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


kuko akoresheje Ivyanditswe Vyera, yatsindira ku mugaragaro ivyiyumviro vy’Abayuda bamuhaririza, akabemeza ko Yesu ari we Kristo.


Maze Abayuda bamwe bigenera kugenda hirya no hino, bagerageza kwirukana impwemu mbi ngo zive mu bantu bakoresheje izina ry’Umwami Yesu. Bavuga bati: “Mw’izina rya Yesu, umwe Pawulo yigisha, ndagutegetse muvemwo!”


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


kugira yongere ibarungikire Kristo yabashiriweho, ari we Yesu.


Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.


Maze iyo nkone ibaza Filipo iti: “Mbwira: uwu muntu uwavugishwa n’Imana avuga ko ni nde, ni we yivugako canke avuga ku wundi muntu?”


Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana.


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.


Bagenzi b’i Korinto, twababwiranye umutima utagira uburyarya, kandi twabugururiye imitima yacu.


igihe mwumva maze mukigishwa ivyiwe, mukamenya ukuri kuva muri we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ