Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 8:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 8:17
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aramwinginga ati: “Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima.”


Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.


Pawulo abarambitseko ibiganza, Mpwemu Yera aca abazako, batangura kuvuga izindi ndimi no kuvugishwa n’Imana.


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.


Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca azizanira amahera,


Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire za Mpwemu, ndabakomeze mu Mwami.


Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe n’ijambo ryakuvugishijweko, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’ishengero.


Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.


Ni co gituma ndakwibutsa kwongera kwatsa ingabire Imana yaguhaye igihe nakurambikako ibiganza.


inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ