Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 7:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Kand’ uwo Mose ni we yari mw ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n’umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kand’ ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y’ubugingo ngw aduhe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 7:38
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.


Haheze imyaka mirongo ine, umumarayika yiyereka Mose mu mbeya z’igisaka cariko kirasha mu bugaragwa hafi y’umusozi Sinayi.


Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.


kandi ari mwebwe mwakiriye ivyagezwe vy’Imana mubihawe n’abamarayika, ariko ntimwavyumvira.”


Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.


Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,


Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho rigabura umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.


Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ