18 Nuko bafata intumwa bazishira mw’ibohero.
18 bashōrera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y’ibohero rya bose.
Yesu yumvise ko Yohana yashizwe mw’ibohero, aca aja i Galilaya.
Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.
Baca bafata Petero na Yohana, kandi kubera bwari bwije, babashira mw’ibohero gushika bukeye.
Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.
Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.
Abandi barashinyaguriwe barakubitwa. Abandi baboshwe iminyororo batabwa mu mabohero.
Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.