Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 5:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose bārabashimagiza,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 5:13
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.


Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Ariko ntibavyemera ku mugaragaro kubera gutinya ko Abafarisayo babirukana mw’isinagogi;


Inyuma y’ivyo, Yosefu w’i Arimataya asaba Pilato uruhusha rwo kumanura ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu kinyegero, kuko yatinya abakuru b’Abayuda. Pilato amwemereye, Yosefu araza ajana ikiziga ca Yesu.


Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.


Abayuda n’Abagiriki baba muri Efeso bamenye iyo nkuru, bose batekerwa n’ubwoba, maze Izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.


Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.


Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abavyumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.


Kandi ntidushobora no kwirata ngo turondere kwemerwa ku bw’ibikorwa vyakozwe n’abandi. Ivyizigiro vyacu ni uko ukwizera kwanyu kuzobandanya gukura, igikorwa cacu muri mwebwe kikaguka,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ