Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 3:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 3:26
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”


Nuko Yesu abwira wa mugore ati: “Natumwe ku ntama zazimiye za Isirayeli gusa.”


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda.


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe.


Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe.


kugira yongere ibarungikire Kristo yabashiriweho, ari we Yesu.


Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose.


Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa, n’abana b’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Kandi ndazi neza ko aho nzozira tuzosangira umugisha wa Kristo wuzuye.


Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.


Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ