Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 3:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Mose koko yaravuze, at’ Uhoraho Imana azobahagurukiriza ūvugishwa na we mu b’i wanyu ameze nkanje; uwo muze mumwumvire mu vy’ azobabarira vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 3:22
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Uko biri kwose, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko nta handi umuvugishwa akwiriye kwicirwa atari i Yerusalemu.


Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


Uwo ni Mose nyene yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje muri mwebwe.’


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.


Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.


Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ