Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 3:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko mweho mwihakana Uwera kand’ Umugororotsi, musaba ko babarekurira umwicanyi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 3:14
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda, bemeza abantu ko basaba Baraba kugira ngo Yesu abe ari we abambwa.


“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Abakuru b’abaherezi batangura kugumura abantu ngo basabe Pilato abarekurire Baraba mu kibanza ca Yesu.


Hariho umugabo yitwa Baraba yari mw’ibohero kuko we na bagenziwe bagirizwa ubwicanyi mu migumuko.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.


barihenda ku vy’ukugororoka, kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona.


Barasemerera bati: “Oya, si we dushaka! Turekurire Baraba!” Uwo Baraba yari umugumutsi.


Naho atacamwagira cari gutuma bamucira urwo gupfa, basavye Pilato kumwicisha.


kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.


Maze aravuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi ryiwe.


Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.


Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Mwaratsindishije abagororotsi murongera murabica, kuko badashobora no kubagwanya.


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ