Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 28:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 28:17
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.


Bashitse i Kayisariya, bashikiriza rya kete wa mukuru w’intara, bongera bamushikiriza na Pawulo.


Pawulo arishura ati: “Ubu mpagaze imbere y’ubucamanza bwa Kayisari, kandi ni ho ntegerezwa kuburanira. Nta caha nokoreye Abayuda nk’uko na we ubizi neza.


abonana n’abaherezi bakuru n’abatware b’Abayuda, na bo bamushikiriza ivyo barega Pawulo.


Maze Pawulo na we ariregura, avuga ati: “Sinigeze ncumura ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.”


Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ