12 Dushitse i Sirakusi tuhamara imisi itatu.
12 Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu.
Nuko tubandanya urugendo kuva i Tiro, dushika i Putolemiya, aho twamaze umusi umwe turamutsa bene Data.
Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.
Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi.
Tuhavuye, twaciye tubandanya dushika i Regiyo. Bukeye, umuyaga w’i bumanuko urahuhuta, maze mu misi ibiri tubona gushika i Puteyoli.