Mw’ijoro ry’umusi ugira cumi na kane, twari tugikubebwa n’umuyaga mu kiyaga ca Adiriyatiko. Nko mu gicugu, abagendesha ubwato bumva ko umenga turegereje umusozi.
Batinye ko ubwato bwohava bwiseka ku mabuye, baca barekurira mu mazi ivyuma bine biremereye biboheye ku migozi bibuza ubwato kugenda bibohewe ku bwato inyuma, barira ko bwoca.