Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 27:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Haheze imisi myinshi ata zuba canke inyenyeri tubonye, kandi umupfunda iguma isuriranya, tugera aho dutakaza ivyizigiro vyo gukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kand’ izuba n’inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi girtyo, twihebura rwose kw ata wuzokira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 27:20
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha, inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’


Ku musi ugira gatatu, bo nyene baterera mu mazi ibikoresho bimwebimwe ubwato bukenera.


Haheze igihe abantu ata co barya, Pawulo ahagarara imbere yabo aravuga ati: “Bagenzi, mwari mukwiye kunyumviriza, mukareka kuva i Kirete. Gutyo mwari kuba mwirinze aka kaga n’uru ruhombo.


nakubiswe inkoni incuro zitatu, rimwe naratewe amabuye, namenekanywe n’ubwato incuro zitatu, namaze umusi n’ijoro mu kiyaga,


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ