Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 25:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Maze Pawulo na we ariregura, avuga ati: “Sinigeze ncumura ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Paulo ariregura, ati Nta caha nakoze, ari ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 25:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Pawulo ahanga amaso Inama Nkuru y’Abayuda ababwira ati: “Bavukanyi, gushika uno musi, namye ngendera imbere y’Imana, ata jwi rinyagiriza ikibi.”


Aba bariko baranyagiriza ntibigeze basanga ndiko ndaharira n’umuntu n’umwe, canke ngo ngumure abantu haba mu rusengero, mu masinagogi, canke ahandi aho ariho hose muri ico gisagara.


Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.


kandi yagerageje no guhumanya urusengero, maze turamufata. [Twashaka kumucira urubanza twisunze ivyagezwe vyacu,


Pawulo arishura ati: “Ubu mpagaze imbere y’ubucamanza bwa Kayisari, kandi ni ho ntegerezwa kuburanira. Nta caha nokoreye Abayuda nk’uko na we ubizi neza.


Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.


Baca baramwishura bati: “Nta kete na rimwe twigeze turonka rivuye i Yudaya rivuga ivyawe, kandi nta wo muri benewacu n’umwe yaje ava hariya ngo atubwire ikibi na kimwe kuri wewe.


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ