Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 25:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ku musi ukurikira, Agiripa na Berenise baza bari kumwe n’abagendanyi benshi, binjira muri sentare baherekejwe n’abasoda bakurubakuru hamwe n’abubahwa bo muri ico gisagara. Fesito aca ategeka ko bazana Pawulo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Bukeye bg’aho, Agiripa na Berenike bazanana icubahiro cinshi, binjirana mw ikombe n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abahambaye bo mur’ ico gisagara; maze Fesito avuga ko bazana Paulo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 25:23
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze igihe kimwe Herodiya aronka akaryo. Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka ryiwe, Herode yateguye umusi mukuru atumira abategetsi bakurubakuru bo ku ngoma yiwe, abo mu gisoda hamwe n’abatware bo mu ntara ya Galilaya.


Isango rigeze, Herode yambara ikanzu y’inyambarabami, yicara ku ntebe y’ubwami, abwira ijambo abari ngaho.


Haheze imisi mike umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesito.


Umwami, umukuru w’intara na Berenise n’abari bicaranye na bo baca barahaguruka, baragenda.


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Abari mu rudandazwa ntibatwarwe na rwo, kuko iyi si urimwo ubu izokurwaho vuba.


Izuba ryatse ubushuhe bwaryo bwumisha igiterwa; ishurwe ryaco rigakoroka n’ubwiza bwaryo bugakurwaho. Uko ni ko n’umutunzi azokwuma ari mu bikorwa vyiwe.


Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Abantu bose bameze nk’ivyatsi; kandi ubwiza bwabo bwose bumeze nk’amashurwe yo ku misozi; ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,


Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ