Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 24:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 24:25
99 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, habura n’umwe avyitaho, bose bigira mu vyabo, umwe mw’itongo, uwundi mu bucuruzi,


Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ukugororoka hamwe n’urubanza.


Kandi yadutuma kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashiriyeho kuba umucamanza w’abazima n’abapfuye.


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato itatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera,


Bumvise ivyo kuzuka kw’abapfuye, bamwe baritwengera, ariko abandi bavuga bati: “Tuzosubira kukwumviriza kuri ivyo ikindi gihe.”


Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?”


Mfise ivyizigiro mu Mana, co kimwe n’aba bantu, ko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abanyakibi.


Kubera yari yiteze ko Pawulo ashobora kumuha igiturire, yama amutumako kenshi bakaganira.


Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kuntahuza nkaba Umukristo?”


Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.”


None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.


Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.


Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.


Kuko Imana ivuga iti: “Igihe gikwiye kigeze narakwumvise, no ku musi wo gukirizwako naragutabaye.” Ndababwiye ko iki ari co gihe co kwemererwamwo, uwu ni wo musi wo gukirizwako.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.


Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe:


Ariko akwiye kuba uwukunda kwakira abantu i muhira iwe, akunda kugira neza, aganza ingeso ziwe, agororoka, yejejwe kandi yirinda.


Ivyo babonye vyari biteye ubwoba ku buryo Mose yavuze ati: “Ndiko ndahindishwa agashitsi n’ubwoba.”


Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi,” kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.


Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.


inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.


Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza,


Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.


Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.


ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana;


Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.


Bana nkunda, ntimukemere ko hagira umuntu n’umwe abazimiza. Umuntu akora ibigororotse ni umugororotsi, nk’uko Kristo ari umugororotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ