Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 24:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Haheze imisi myinshi, Felisi azanana n’umugore wiwe Durusila, yari Umuyudakazi, atumako Pawulo kugira ngo amwumvirize avuga ivy’ukwizera Kristo Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Imisi mike ishize, Feliki azanana n’umugore wiwe Durusila w’Umuyudakazi, ahamagaza Paulo, yumviriza ivyo avuga ku vy’ukwizera Kristo Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 24:24
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.


Yashaka kubona Yesu, ariko ntivyakunda kuko hari isinzi ry’abantu, na we akaba yari mugufi.


Herode abonye Yesu, aranezerwa cane kuko yari amaze igihe kirekire yipfuza kumubona. Yari yarumvise ivyiwe, maze yipfuza kumubona akora igitangaza.


Baramwishura bati: “Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe.”


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika,


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Rero, hariho ikintu kimwe conyene ngomba kumenya: Mbega mwahawe Mpwemu Yera kubera mwitondeye ivyagezwe vya Mose? Canke ni kubera mwizeye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo mwumvise?


Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ