Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 23:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Wa musore aca avuga ati: “Abayuda bagiye inama yo kugusaba ngo urungike Pawulo imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda ejo, babesha ko hari amakuru bashaka kumubaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Aramwishura, at’ Abayuda bahūje inama yo kukwinginga ngw ejo uz’ umanukane Paulo mw ikombe, nk’ūgomba kubaza ivyiwe ng’ urushirize kubimenya neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 23:20
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.


Maze Pawulo ahanga amaso Inama Nkuru y’Abayuda ababwira ati: “Bavukanyi, gushika uno musi, namye ngendera imbere y’Imana, ata jwi rinyagiriza ikibi.”


Wa mukuru w’abasoda aca afata ukuboko wa musore, amwinjiza mu nzu, aramubaza ati: “Ugomba kumbarira iki?”


Numvise ko bagize inama yo kumwica, nca mpitamwo kumubarungikira ubwo nyene, kandi nategetse ko abamwagiriza babazanira ibirego bamurega.


Pawulo amenye ko mu bari ngaho harimwo Abasadukayo n’Abafarisayo, aca abwira abagize iyo Nama Nkuru ati: “Bavukanyi, jewe ndi Umufarisayo, kandi na data ni Umufarisayo. Aha ndiko ncirwa urubanza kuko mfise ivyizigiro ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ