Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 22:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Non’ ikigutevya n’iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 22:16
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Petero aramubwira ati: “Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko.”


Kandi umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Bakiriko baramutera amabuye, Sitefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”


Kandi yaje hano afise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi kugira ngo afate abo bose bambaza izina ryawe.”


Ubwo nyene, ibintu bimeze nk’ibikaragashi biva ku maso ya Sawuli, arahumuka. Aca ava hasi arabatizwa.


Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.


kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.


ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.


yaradukijije, atari uko twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha muri Mpwemu Yera.


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ